Mw’itangazo ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA buhejeje gusohora kur’uyu wa kabiri bumenyesha ko hari abandi bagwayi batanu basanze bafise umugera wa covid-19 utera ingwara ya coronavirus. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko bamwe batanu bahora bagwaye basubiye kubapima kandi basanga ntibagifise uwo mugera ubugira kabiri.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bukamenyesha ko bwakoze ibipimo kubantu bagera 198 babonanye umwanya munini n’abagwayi basanga batanu muribo barafise uwo mugera, bakaba baciye binjizwa ibitaro kugira baabkurikirane bongere bakingire n’abo babana ntibabanduze.
Abo batanu nabo basanze batakigwaye iyo ngwara ya coronavirus bahawe uruhusha rwo gutaha mu mihana yabo. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bubandanya busaba abanyagihugu gutekana no gukurikiza amabwirizwa y’isuku.





Recent Comments