Mu gihe hasigaye ukwezi kumwe ngo amatora y’Umukuru w’igihugu abe, mu mugambwe UPRONA ibintu ntivyoroshe. Kur’uyu wa gatandatu, umudasigana Isidore Mbayahaga, asanzwe aziko ari umupasitori, yarakoranije inama muri zone Musaga arikumwe n’abo badacana uwaka n’umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi, n’icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, awuruturukamwo.

Mur’iyo nama, Isidore Mbayahaga, akaba yagiriza Gaston Sindimwo na Abel Gashatsi kuba bariko baragurisha ingoro z’umugambwe, aha akavuga ingoro y’umugambwe UPRONA ziri muri zone Buyenzi na Nyakabiga, itongo riri mu gisagara ca Ngozi no mu Rumonge, hamwe n’igice c’iparasera kiri ku Mugumya ahari ingoro nkuru y’umugambwe UPRONA.
Isidore Mbayagaha amenyesha kandi ko inzego z’umugambwe UPRONA zitwara muri kino gihe zahajeje ikiringo cayo kuva mu kwezi kw’icenda umwaka 2019, ko rero atabubasha zifise muri kino gihe. Kur’ivyo vyose Isidore Mbayahaga yaciye amenyesha ko abadasigana barikumwe batemera ukwitoza kwa Gaston Sindimwo mu kibanza c’Umukuru w’igihugu aserukira umugambwe UPRONA. Niho rero kuca amenyesha ko we nabo barikumwe bazotora umukandida w’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FFD ari we Evariste Ndayishimiye.
Mu kiganiro yaciye atunganya bukeye, umukuru w’umugambwe UPRONA, Abel Gashatsi, yameneysheje ko Isidore Mbayahaga atari mu nzego n’imwe z’umugambwe UPRONA ko amakomité yose yagiyemwo yagiye arasiba inama nka zose. Nayo ngo kuvyerekeye amatongo y’umugambwe UPRONA yagurishijwe, Abel Gashatsi avuga ko ingingo zose zifatwa zibanza kumvikanako na komité exécutif y’umugambwe kandi ko hubatswe ibirasi bininiya Kumugumya. Ngo nayo gushigikira umukandida w’umugambwe CNDD-FDD ngo n’uburenganzira bwabo. Abel Gashatsi asaba abarongoye intwaro n’igipolisi ko batosubira kwemerera inama nkizo zituma amatora atazogenda neza.





Recent Comments