UBM News ads

Uwahoze mugisirikare ca kera yitwa Ninganza Pascal batazira Kaburimbo yarishwe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Iyo nkuru iremezwa n’ubushikiranganji bw’umutekano no kurinda ibiza nkuko biboneka kur’urubaga rwayo rwa twiter. Ubwo bushikiranganji bw’umutekano bukavuga ko hagandaguwe muri komine Matana mu ntara ya Bururi abagizi ba nabi 3, umwe arahagarikwa, inkoho zibiri zirafatwa na grenade imwe. Ivyo bikaba vyabaye kur’uyu wa gatatu isaha 12 zagatondo.

Izo nkuru zikaba zemejwe kandi n’abadaharanira inyungu za politike bahungiye hanze y’igihugu nka Pacifique Nininahazwe ku mbuga ngurukana bumenyi yiwe twitter aho yamenyeshe iyicwa rya Pascal Ninganza batazira Kaburimbo yahora mu gisirikare ca kera. Pacifique Nininahazwe akavuga ko igihe baza kumurondera yari yinyegeje ku rusenge rw’inzu yiwe, akaba yarashoboye kumanuka niho guca atabwa muri yompi arabohwa. Pacifique Nininahazwe wewe akavuga ko yari gushikirizwa ubutungane hama akiregura ku vyaha yagirizwa.

Uwo Kaburimbo akaba yariko araronderwa cane n’inzego z’umutekano yagirizwa kwigisha ibigwanisho urwaruka gwo muriyo micungararo ya Bururi aho yakorera mu centre de santé. Mbere n’umukuru w’Inama nkenguzamateka akaba yari yamenyesheje ko azotanga agashimwe kuwuzomufata ngo kuko abuza umutekano abantu baba muriyo micungararo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments