Mw’itangazo ryasohowe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Ezéchiel Nibigira, kur’uyu wa gatatu, yamenyesheje ko abarundi baba hanze y’Uburundi batazoshobora gutora mu matora yimirije azotangura itariki 20 Rusama 2020.

Igituma uwu mushikiranganji yatanze nuko havugwa cane ingwara ya coronavirus mu bihugu nka vyose vyo kwisi. Ivyo rero ngo bigatuma bitazokworehera abarundi kuja muri yamazu y’ubuserukizi y’Uburundi bita ambassades kugira bashobore gutora.
Iryo kete ry’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu rikaba ryashikirijwe abaserukira Uburundi bose muyandi makungu.
Mbega mwebwe muba hanze iyo ngingo muyibona gute ? Mubona mwoshobora gutora mubigenjeje gute nk’umurundi ?





Recent Comments