Inama y’Abakuru b’ Ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuserruko, EAC, yo kurabira hamwe ikiza ca Coronavirus yigijwe inyuma kw’isango ritamenyeshejwe.
Iyo nama yari kwitabwa n’abakuru bibihugu bigize EAC biciye mu buryo bwa Video-Conference aho abayitaba baguma mu bihugu vyabo bakayikurikirana biciye kuri Internet kuri uyu wa 15 Ndamukiza 2020.

Uwujejwe kumeneysha amakuri muri EAC, Vincent Biruta, yamenyesheje ko iyo nama yasivye kubera ‘igisabo c’umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo’.
Ivyari kwigwa bikaba ari ingaruka ikiza ca Coronavirus kiriko kigira ku muryango wa Afrika y’Ubuseruko.
Ibirabwa akaba ari ingaruka za COVID-19 ku butunzi, amakori n’imibano mu karere ka Afrika y’ubuseruko.






Recent Comments