Iyo ngingo iraba ibihugu 25 bikiri mu nzira y’amajambere mur’ikigihe hari ikiza ca coronavirus catumye abantu benshi kw’isi bataja mu bikorwa basanzwe bakora bagasabwa kuguma mu mazu yabo. Iyo ngingo yoguhagarika kurihisha amadeni ivyo bihugu vyasavye ikaba yarafashwe kandi n’igihugu c’Ubufaransa hamwe n’ikigega Fond Monetaire International ‘’FMI’’.

Ariko biboneka ko k’urutonde rw’ibihugu bizobangirwa gurishwa ayo madeni Uburundi butariko uravye urutonde FMI yashize ahabona. Leta y’Uburundi nta nsiguro iratanga kur’iryo tangazo ry’ikigega FMI. Vyoba aruko Uburundi atamadeni bufata hanze canke yoba ari ibihano muvy’ubutunzi bihari. Ico kigega kikavuga ko icihutirwa ubu ari kurondera uburyo bwo kurwanya ikiza coronavirus n’ingaruka mbi zaco muvy’ubutunzi.
Ibanki y’isi yoyo ikaba yahaye Uburundi amahera angana imilioni 5 z’amanyamerika kugira hashobore kugurwa ibikoresho vyo kurwanya ingwara ya coronavirus. Ayo mahera akaba zokoreshwa n’ishirahamwe FIDA.





Recent Comments