UBM News ads

Ni kuki ibiciro vy’ibifungurwa biguma biduga kandi umwimbu ari mwiza ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri umushikiranganji Deo Guide Rurema avuga ko umwimbu w’ibigori wavuye ku matoni ibihumbi 139 211 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 890 162 mu mwaka wa 2020. Umuceri wavuye ku matoni ibihumbi 55 952 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 300 000. Ibiraya vyavuye ku matoni ibihumbi 55 686 mu mwaka wa 2015 uja ku matoni ibihumbi 134 340 mu 2020. Nayo ibiharage vyavuye ku matoni ibihumbi 90 218 bija ku matoni ibihumbi 146 903 n’ibice 3 mu mwaka w’ 2020.

Ugereranije imyimbu hagati y’umwaka wa 2015 na 2020, Rurema asigura ko umwimbu w’ibigori kw’ihegitari imwe wavuye ku matoni 0,8268 uja ku matoni 3. Umuceri wavuye ku matoni 5,529 uja ku matoni 6, 45. Ibiraya vyavuye ku matoni 6, 607 bija ku matoni 15, 32. Nayo ibiharage vyavuye kw’itoni 0,6782 bija kw’itoni 1,150. Umushikiranganji Rurema asigura kandi ko umwimbu wiyongereye ku biterwa vy’umuceri n’ibigori bivuye ku bikorwa vyo gutunganya neza imyonga hamwe n’umwaka w’uburimyi.

Rurema Déo-Guide umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko umwimbu w’ibiterwa mbumbarugo wifashe neza mu gihugu cose kandi ko ubu ata bantu bahunga igihugu kubera inzara nk’uko vyibonekeje mu myaka ya 2002 na 2016, aho inzara yabica bigacika.

Uwo mushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko ku gatasi hibonekeje umwimbu ushimishije ugereranije no mu mwaka wa 2019 ku biterwa vy’ibiraya, ibigori n’umuceri. Rurema avuga ko amakoperative ya Sangwe yo mu ntara ya Cibitoke, amakoperative y’abarimyi bo mu makomine ya Mwakiro na Buhinyuza n’uwigenga wo mu ntara ya Muyinga ari bo bimbuye ibigori vyinshi. Ku muceri, amakoperative yo mu ntara za Cibitoke, Kayanza na Muyinga ni yo yaronse umwimbu mwinshi. Nayo ku giterwa c’ikiraya, amakoperative hamwe n’abigenga bo mu ntara za Mwaro na Kayanza ni bo baza imbere.

Deo Guide Rurema avuga ko mu ntumbero yo kwongereza umwimbu no gufungurira abenegihugu imfungurwa ngirakamaro, hatejwe imbere bimwe mu bifasha mu ngaburo nk’ibizinu, ivyamwa, imboga, inyama, amata n’amagi. Asaba abanyagihugu kubifungura kugira bahindure kamere ko gufungura. Umushikiranganji Rurema avuga ko ivyamwa bimwe bimwe bitavura ingwara ya coronavirus nk’uko bamwe babivuga ariko ko bifasha umuntu kugira amagara meza.

Deo Guide umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi ahamagarira abanyagihugu gukoresha neza umwimbu baronse muri iki gihe amakungu yose arajwe ishinga n’ikiza ca Coronavirus. N’ayo ku badandaza bikika mu kiza bakaduza ibiciro vy’ibifungurwa, Rurema avuga ko ico kibazo azogishikiriza umushikiranganji bw’ubudandaji kugira bafatirwe ingingo ruhasha.

Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi buhamagarira abanyagihugu gukurikiza impanuro zijanye no kugira isuku bahabwa n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu kugira ikiza ca coronavirus ntikibandanye gukwiragira igihugu cose.

Ariko kumbuga ngurukana bumenyi abasumyi baribaza igituma ibiciro vy’ibifungurwa biguma biduga kandi umwimbu ari mwinshi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments