Ya ‘Ntwari’ ihangana na CNDD-FDD, Fabien Banciryanino, yashize ahabona urutonde rw’Abarundi 19 baburiwe irengero mu ntara ya Bubanza.
Ivyo biri mu rwandiko rwashizwe ahabona na Fabien Banciruanino yongera arasinyako.
Muri urwo rwandiko, Banciryanino akunzwe kwitwa ‘intwari ihangana na CNDD-FDD’ yandikira umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, hamwe n’umushikiranganji w’Ubutungane, Aimee Laurentine Kanyana, ko botanga umuco ku bijanye nababuriwe irengero mu ntara ya Bubanza.

Banciryanino biraboneka ko yiyemeje urugamba rwiwe rwo ‘guhangana na CNDD-FDD, umugambwe uri ku butegetsi kuva mu mwaka wa 2005.
Ubuheruka yaravuze ko naho Petro Nkurunziza akezwa kuba yararonse ukwitwa ‘imboneza ikunda igihugu’, bitamubereye kubera abarundi isinzi ‘baburiwe irengero ku ntwaro yiwe’.
Raba hano urutonde rwabo Fabien Banciryanino yashize ahabona baburiwe irengero mu ntara ya Bubanza:






Recent Comments