UBM News ads

Soma hano ivyo ya ‘Ntwari ihangana na CNDD-FDD’ yipfuza ko vyokorwa n’ivyo yanka

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ya ‘Ntwari ihanganye na CNDD-FDD’ ariyo Fabien Banciryanino(umushingamateka benshi bakunze kwita ko ari ‘intwari’ uravye uko yifatira mu gahanga intwaro ya CNDD-FDD mu kuyikosora izuba riva ivyo abandi batinya), yashize ahabona ivyo akunda nivyo yanka n’ivyokorwa kugira ‘Uburundi bwogorore’.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru c’i Burundi, Iwacu, Fabien Banciryanino yavuze ibitari bike, ivyo ikinyamakuru canyu cashimye kugarukako.

Muvyo dushimye kugarukako hariho ico ivyo ‘ntwari’ yanka cane urunuka: ikinyoma hamwe nukugunga abandi(malhonneteté).

Abajijwe icomutera umubabaro cane mu buzima bwiwe, iyo ‘ntwari’ yishuye gutya:

” Umubabaro wanje mu buzima woba uwo gupfa  ntabonye ko igihugu canje gihindutse. Ivyo  vyombabaza cane nsize igihugu canje  mu maboko ya leta ititeguriye gufasha abayo”, niko Banciryanino fabien yavuze.

Iyo ntwari ibajiwe ikibanza yoshima kuja gutemberamwo yavuze ko ‘yoshima kuja kuraba uko impunzi z’Abarundi ziri mu makambi atandukanye muri za Tanzania, Rwanda, Uganda, Kongo(Kinshasa).

Avuga ko naho ata buryo bukwiye afise bwo gufasha impunzi, yoshikana amajwi y’izo mpunzi z’Abarundi kure.

Soma kandi: Fabien Banciryanino: ‘Intwari’ ihangana na CNDD-FDD?

Fabien Banciryanino akaba rero yaciye agaruka ku rugendo umushikiranaganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye, yagize mu gihugu c’Ubuganda agiye kuraba uko impunzi z’Abarundi zibayeho mu makambi y’impunzi.

Banciryanino yemanga ko Pascal Barandangiye yakiriwe nabi mu Buganda mu kuzomerwa hamwe no guterwa amabuye n’izo mpunzi yari agiye kuraba mu gihugu c’Ubuganda.

Iyo ‘ntwari’ Banciryanino aca amenyesha ko inyuma yivyo vyabaye aho umutegetsi w’igihugu aterwa amabuye mu kwakirwa nabi nabo agiye kuraba, yaciye asaba mu nama nshingamateka y’Uburundi(Fabien Banciryanino ni umushingamateka) ko yopanga ivyo kuza kuraba impunzi z’Abarundi ziri mu makambi y’impunzi.

Ariko nk’uko Banciryanini abivuga, ayo majambo yabaye nko gusuka amazi kwibuye, maze avuga ko iyo hagenda abashingamateka bitari kumera nk’ukwo Barandagiye Pascal yakiriwe.

Nibindi vyinshi ushobora kwisomera ngaha iyo ‘ntwari ihangana na CNDD-FDD, Fabien Banciryanino, yavuze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments