
“Aba ni bamwe mu miryango y’impunzi ishika ku 31 723 igizwe n’impunzi zishika ku 93 503 bari biyandikishje ngo batahuke mu Burundi ariko bahisemwo kubangira gutaha mu gihugu c’Uburundi”, niiko Athman Igwe yavuze.
Aya amkuru aza ashira ahabona ko naho bamwe bari bibajije ko impunzi z’Abarundi zizokwirukanwa mu gihugu ca Tanzania atari yo canke ko Tanzania yumvirije akamo yatewe n’amakungu ko impunzi z’Abarundi zikwiye guhungurwa ku bushake bwazo.
Abategetsi b’amakambi abitse impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu ca Tanzania akaba abandanya ahimiriza impunzi z’Abarundi ngo zitahuke mu Burundi kwitegurira no kugira uruhara mu matora azoba mu kwezi kwa Rusama 2020.
Ariko bamwe mu mpunzi biboneka ko ‘ico bahunze kitarahava’ nk’uko bamwe bamwe bakunze kubivuga.





Recent Comments