UBM News ads

Isukari ibandanya ikena kandi izimba m’ubuguriro

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo bikaba vyibonekeza mu ntara nka zose z’igihugu haba mu Kirundi, i Bujumbura n’ahandi. Mu mabutike bakavuga ko batayironka iyi ibonetse naho ikaza izimvye kandi bakayironka mu kinyegero. Ikiro kikaba kigeze ku bihumbi bitatu ahandi kubihumbi bine. Abaguzi b’iyo sukari bakaba bafise amakenga ko abana n’abagwayi bashobora kubura isukari ibintu bibandanije uko.

Ariko uwurongoye ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari avuga ko isukari ikwiye m’ububiko bwayo haba i Bujumbura, i Gitega n’i Ngozi. Aloys Ndayikengurukiye atwara iryo hinguriro akavuga ko bamaze gukura k’urutonde abadandaza 6 basanze banyegeza iyo sukari mugihe bahejeje kuyirangura muri SOSUMO.

Aloys Ndayikengurukiye akavuga ko igiciro c’ikiro c’isukari kitahindutse cagumye ari 2340 Fbu. Uwo muyobozi mukuru asaba abajejwe gucungera imipaka gucungera ko havugwa abatwara iyo sukari hanze y’igihugu, agahamagarira n’abajejwe intwaro n’igipolisi gutesha abandandaza banyegeza isukari mu ntumbero yo kuduza ibiciro bashaka kunguka umurengera mu kuniga umunyagihugu mutoto muto.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments