UBM News ads

Jacques Bigirimana nawe amenyesha ko agiye gutanga dosiye yiwe muri CENI

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho Agathon Rwasa atangiye dossiye yiwe yo kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi mu murwi CENI ujejwe gutunganya amatora yo mu 2020 ukwezi kwa Rusama, Jacques Bigirimana nawe amenyesha ko azotanga dosiye yiwe yo kwitoza murico kibanza itariki zitatu zukwezi kwa gatatu isaha zibiri zagatondo.

Abo bagabo babibiri barikumwe mu mugambwe FNL bakaba bagiye gutandukana mu matora yo mu 2010 aho habereye impari zikomeye murayo matora mbere na Agathon Rwasa akaba yarahunze igihugu gatoyi imbere yo kugaruka mu gihugu aho yasanze Jacques Bigirimana yamaze gushikirizwa umugambwe FNL.

Mumatora yo mu 2015 Agathon Rwasa akaba atayitavye mugabo abenegihugu bakaba barahaye amajwi urunani yarimwo bise Amizero y’Abarundi akaba yaciye aronka abashingamateka batari bake nawene acaronka ikibanza c’icegera cambere c’Umukuru w’Inama nshinagmateka. Aho ni mugihe Jacques Bigirimana atantebe yaronse mu nama nshingamateka no mu nama nshikiranganji ariko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bukaba bwamuronkeje ubuyobozi bukuri bw’ishirahamwe OTB. Amatora yo mu 2020 akaba agiye gutanga uwundi mukenyuro hagati yabo bagabo babiri bahora mu mugambwe FNL.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments