UBM News ads

Imyaka 2 n’amezi 6 niyo yaciriwe abanyamakuru ba Iwacu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abamenyeshamakuru b’Ikinyamakuru Iwacu baraye baciriwe imyaka ishika kuri ibiri hamwe n’amezi atandatu yo gufungwa inyuma yo kwagirizwa ko ‘bashatse guhungabanya umutekanao w’igihugu’.

Abo banyamakuru ba Iwacu bane bakaba bafashwe itariki 22/10/2019 bariko bahiga amakuru ku bijanye n’igitero cakozwe n’abarobeli mu ntara ya Bubanza.

Sentare ya Bubanza ikaba ariyo yaciye urwo rubanza niyo yaciye urwo rubanza kuri abo banyamakuru bane ba Iwacu.

Sentare ya Bubanza yaciye  yongera itegeka ko abanyamakuru bane ba Iwacu babwirizwa kuriha amafaranga angana n’umuliyoni umwe mu mamafaranga y’amarundi umwe umwe bamaze ikiringo baciriwe co gufungwa.

Abatari bake bakaba biyamirije ico gihano kuri abo banyamakuru bane ba Iwacu kubera ko bariko bakora umwuga wabo.

Abo banyamakuru ba Iwacu bakaba bafunzwe bahorwa ngo ‘gufasha abarobeli’ bivuye kuri message umwe muri abo banyamakuru ba Iwacu aho yanditse message ivuga ngo ‘tugiye i Bubanza gufasha abarobeli’.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments