UBM News ads

Buyoya Pierre yasubiriye kwandikira Président Museveni

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya yasubiriye kwandikira Président w’igihugu ca Ouganda, Yoweri Museveni kw’itariki 16 nzero 2020. Ubwambere akaba yari yamwandikiye itariki 3 ntwarante 2019 nk’umuhuza w’Abarundi mu matati yadutse mu mwaka wa 2015.

Pierre Buyoya akaba mur’iryo kete avuga ko hahonyanzwe amategeko menshi m’urubanza ariko arakwirikiranwako ko yoba afise uruhara mw’igandagurwa rya Président Melchior Ndadaye yari yamusubiriye k’ubutegetsi inyuma y’amatora yo mu 1993 wenyene yatunganije.

Uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya akaba amenyesha mur’iryo kete ko abamuburanira batemerewe gushika aho urubanza ruriko rurabera kandi batemerewe kandi kuraba ibiri muri dosiye. Pierre Buyoya akavuga ko abagirizwa bose mur’urwo rubanza bagirizwa icaha kimwe co kugandagura Président Melchior Ndadaye kandi uruhara rutangana mu bitabo mpanavyaha.

Pierre Buyoya agasozera avuga ko urwo rubanza ruza guhonyanga Amasezerano ya Arusha avuga ko ivyaha vy’imbere y’intambara bizobarizwa muri CVR. Akamenyesha kandi ko urwo rubanza ruje mu ntumbero za politike kuko amatora yo mu 2020 yegereje, akavuga ko ubutegetsi buhari bushaka kwerekana ko buriko burahana abagandaguye Président Melchior Ndadaye. Pierre Buyoya rero agasaba Président Museveni guhagarira amasezerano y’i Arusha yahagariye mu gihe yashwigwako umukono mu 2000.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments