Abarundi baba muri Texas ” USA ” bahimbaje umusi udasanzwe w’umuco n’akaranga.

0

Ni umusi udasanzwe kandi utazokwibagirana mu barundi baba muri leta zunze ubumwe za america , aho kuruno wa gatandatu uheze (jan 18, 2020 ) hahimbazwa umusi udasanzwe witiwe umuco n’akaranga, aha ni mu rwego rwo kugirango umuco n’akaranga k’abarundi kabandanye gukurikizwa hirya nohino kwisi.

Ibi birori vyabereye mu gisagara ca ‘ Dallas, Texas bikaba vyari vyitabiriwe n’abarundi benshi kandi baje bava mu bisagara bitandukanye, nkuko UBM News twari twahishikiye kandi twavyiboneye, ni igikorwa cagenze neza cane kandi abari baje ngaho bose batahanye umunezero ntangere.

Aya namwe mu mafoto y’ukuntu ibintu vyose vyagenze uyo musi.