UBM News ads

Kagame, Nkurunziza, Magufuli bimirije kuva ku butegetsi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amakuru ashirwa ahabona yerekana ko abakuru b’ibihugu babatu vya EAC aribo Paul Kagame w’Urwanda, Petero Nkurunziza w’Uburundi hamwe na John Pombe Magufuli wa Tanzania bimirije kuva ku butegetsi.

Umukuru w’Urwanda, Paul kagame, ivyo aheruka kubimenyesha ko atazosubira kwitoza mu mataro ya 2024 ko ikiringo ciwe kizoba kirangiye.

Uwundi ni Petero Nkurunziza nawe amenyesha ko agiye gutanga abandi ngo batware inyuma y’imyaka 15 atwara igihugu c’Uburundi inyuma y’intambara y’abanyagihugu yahitamye abatari bake.

Abandi bibazwa cane ni umukuru wa Tanzania, Magufuli nuwa Kenya, Uhuru Kenyatta bitaramenyekana neza ko bazobandanya bitoza gutwara ibihugu vyabo.

Magufuli aritezwe gusubira gutorwa mu mwaka wa 2020 naho atarabishira ahabona ko azookwitoza; bamwe bakavuga ko ashobora kudasubira kwitoza ikiringo ca kabiri naho agifitiye uburenganzira.

Uwundi acibazwa nimba azova ku butegetsi muri EAC ni umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, uwufatwa ko ariwe ashaje kurusha benewabo batwara ibihugu vya EAC.

Ingingo leta ya Museveni iheruka gufata yo gukuraho ibiringo vy’umukuru w’igihugu hamwe n’imyaka yo gutwara igihugu ku mukuru w’igihugu vyose vyerekana ko Museveni atiteguriye na gato kuva ku butegetsi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments