Mu kiganiro Président Nkurunziza yatanze ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa kane i Gitega yameneysheje ko inzuzi zitwara amazu y’abantu n’abantu bagapfa ari kubera itituka ry’ibidukikije aho ibiti vyahonejwe abantu nabo bakubaka mu kajagari.

Président Nkurunziza akavuga ko imisozi iri hejuru ya komine Ntahangwa na Mutimbuzi ayizi ko kera yari yambaye ibiti vyinshi ariko ko abayobozi batandukanye n’abantu bahaguze amatongo bagiye barahonya ibidukikije. Umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, akavuga ko intambara igihugu caciyemwo yatumye hubakwa mu bibanza bitokubatswemwo. Umukuru w’igihugu agatangazwa n’abo basanga bubatse mw’ijoro abandi bakubaka mu nzuzi.
Président Nkurunziza akavuga ko Leta yafashe ingingo ko atatongo rizosubira gutangwa mu gisagara ca Bujumbura ngo kuko hose basanze ari amatati gusa aca yaduka n’ibidukikije bigaca bihonywa. Umukuru w’igihugu arasaba abanyagisagara gusibura imiserege y’inzuzi kugira bitabandanya bihitana abantu n’ibintu.





Recent Comments