‘Imana yatoye Petero Nkurunziza ngo abandanye atwara Uburundi’, ayo majambo yamenyeshejwe n’umukenguzamateka yitwa Priscille Mwidogo aho yari mu nama ya CIRGL ku musi wa gatanu.
Mwidogo avuga muri iyo nama, nk’uko ABP ibishira ahabona, ko yatumwe kuvuga imbere y’isiniz ry’abantu ko ‘Imana yamutumye kubwira bose ko Petro Nlurunziza ariwe azobandanya atwara Uburundi’.
Ku bwa Mwidogo, ni ‘Petero Nkurunizza azonywanisha Abarundi, niwe azogarukana Abarundi mu ruhongore abifashijwemwo n’ukuboko kw’Imana’.

Ayo majambo abaye aya mbere avuzwe numwe mu bagize umugambwe uri kubutegetsi, CNDD FDD, ko Petero Nkurunizza azobandanya atwara Uburundi naho we nyene yivugiye ko atazosubira kwitoza mu matora ya 2020.
Mwidogo yabandanije amenysha kuri uyo musi wa gatanu ko ‘Petero Nkurunzia ariwe azohezagira abato n’abakuze, Uburundi bwose, Afrika yose, eka mbere n’isi yose’.
Mwidogo akaba yarangije avuga ko abarwanya Uburundi hamwe na Petero Nkurunizza bakwiye kureka ivyo bikorwa kuko bosanga kumbure bariko ‘barwana n’imana’.





Recent Comments