Mu kiganiro président Buyoya Pierre yahoze arongoye Uburundi kuva mu mwaka wa 1987 gushika 1993 no kuva 1996 gushika 2003 yahaye itelevisiyo y’abafaransa 24 kur’uyu wagatandatu yamenyesheje ko umutahe bamusohoreye wo kumufata bamwagiriza urupfu rwa président Melchior Ndadaye yamusubiriye ko ufise intumbero ya poritique.

Président Buyoya Pierre akavuga ko urwo rubanza rusubiye kuvyuka haheze imyaka 26 akibaza igituma rusubiye gusubirwamwo hegereje amatora yo mu 2020. Buyoya Pierre akavuga ko ubutegetsi bwo muri kinogihe bushaka kwerekana ko bwahoye président Melchior Ndadaye, akavuga ko hari abasoda bafashwe ubwo bwicanyi bukiba ko urubanza rwari rwaheze ati kandi hari n’ubundi bwicanyi bwaciye bukurikira,
Président Buyoya akavuga ko vyose vyoshirwa mu vyaha vy’intambara bizobarizwa muri wa murwi CVR ujejwe kumenya ukuri no gusubiza hamwe washizweho n’amasezerano ya Arusha yasinywe mu mwaka w’i 2000. Mwomenya ko ico gihe ari président Buyoya Pierre yatwara igihugu c’Uburundi.





Recent Comments