UBM News ads

Umwe mubariko barasambura ingoro y’umugambwe CNL yafashwe i Gihanga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kur’uyu wa kane hafashwe muri komine Gihanga, umukozi wa komine ariko arabomora ingoro y’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa. Iyo ngoro ikaba iri muri villa ya 2 mur’’iyo komine. Akaba yafashwe n’abanegihugu. Musitanteri wa komine Gihanga n’umuhanuzi wa bulamatari wa Bubanza bakaba bahishikiye kuraba ivyo bintu. Uyo muntu akaba yaciye ajanwa gufungwa. Abanywanyi b’umugambwe CNL bakavuga ko n’iyindi ngoro y’umugambwe CNL iheruka gusamburwa muri village ya 6.

Eka no muri komine Busiga si yororo, abanywanyi bamwe bamwe b’imugambwe CNL na UPRONA bazindutse basanga hacafye imisaraba itukura n’amasandugu yabapfuye kumiryango yabo. Abenegihugu bo murako karere bakaba batekewe n’ubwoba bagasaba ko abajejwe intwaro bogirisha inama vyihuta yo guhumuriza abenegihugu.

Umukuru w’umugambwe FRODEBU, Pierre Claver Nahimana, nawe akaba yagirishije ikiganiro kubanditsi n’abameneyshamakuru aho asaba ko atabari mu migambwe bosubira guhohoterwa kubera ico conyene turi muri demokarasi yazanywe n’umugambwe FRODEBU. Pierre Claver Nahimana agasaba ko hotunganywa amatora atuje arimwo bose mu mwaka wo muri 2020.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments