Abanyagihugu batari bake bo mu ntara ya Ngozi muri Komine Busiga baratekewe n’ubwona kubera ko basanze ku mazu yabo hacafyeko imisaraba itukura.
Abo basanze amazu yabo yacafyeko imisaraba itukurani abanywanyi bo migambwe itavuga rumwe nka CNL na UPRONA.
Icuka kibi kiribonekeza hagati y’imbonerakure za CNL hamwe n’abanywanyi beshi babandanya bisukira mu mugamwe wa Rwasa Agathon, CNL.

Abanyanyi biyo migambwe babwiye BBC ko ibintu nk’ivyo vyo gushira imisaraba itukura ku mazu yabo vyabaye ku mitumba itari mike yo mu mazone ya Rukeco, Mihigo na Mparamirundi agize komine Busiga.
Ivyo biri uko mu gihe hagize imisi hibonekeza abantu bamwe bamwe mu ntara ya Ngozi bahaguruka bakarinda bakiyamiriza agatotezo bakorerwa n’imbonerakure za CNDD-FDD.
Mu masanamu ariko akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi, hariho abagenda bararirimba ngo ‘twarasbahinyuye kera, Tora Rwasa’.
Abihweza ibintu n’ibindi baravuga ko iyo misaraba ku mazu y’abanywanyi b’imigamwe itavuga rumwe na leta y’i Gitega ari ikimenyestso co kubatera ubwoba canke co kwicwa.
Raba hano aho abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi bikora mu gahogo:





Recent Comments