Amasasu hagati y’abajejwe umuteko n’abarwanyi yatumye abanyagihugu bamwe bahunga mu ntara ya Bubanza mu Burengero bw’Uburundi.
Ivyo vyashitse mu gihe hari abagabo bashika ku 50 bageregeje kwinjira ishamba cimeza rya Kibira biciye ku musozi wa Kayange na Dondi, muri Komine Musigati.

Bimaze kuba gutyo haciye hakurikira imishamirano hagati y’abajejwe umutekano n’abo bariko binjira mu kibira maze bituma abanyagihugu baho bagira ubwoba maze barata baromoka.
Intara ya Bubanza na Ciboyoki ni intara zikarirwa cane n’ibitero vy’abarwanyi bava cane cane mu gihugu ca Kongo.
Mwokwibuka ko mu mwaka uheze hapfuye abantu bashika ku 40 bivuye ku gitero cakozwe n’abarwanyi baza biyitirira ko bashaka gukuraho ubutegetsi buhari bw’Uburundi.
https://twitter.com/lwangamc62/status/1186552684402368512?s=20





Recent Comments