UBM News ads

Amakungu asaba ko abamenyeshamakuru ba Iwacu borekurwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amakungu arasaba ko abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru gikorera mu Burundi, Iwacu, borekurwa mu magura masha kuko bafunzwe bariko bakora umwuga wabo.

Ishirahwme Human Rights Watch rikaba risaba ko aba banyamkuru ba Iwacu borekurwa ata kirize gusabwa.

Abo banayamakuru bane numushoferi wabo ba Iwacu Burundi bakaba bafashwe muri iyi ndwi bagiye mu ntara ya Bubanza gutohoza ku migwano yabaye hagati y’abajejwe umutekano n’abarwanyi baje bava mu gihgu ca Kongo.

Amakuru ubu ariko avuga ko abo banyamakuru bamaze imisi ibiri mu gasho boba bashikanwe muri SNR maze amatelefone yabo  akaba yafashwe kugira ngo harabwe nimba abo bamenyeshamakuru hamwe numushoferi wabo umwe boba baravuganye n’abakoze igitero mu ntara ya Bubanza catumye abanyagihugu bamwe bata izabo.

Mwomenyeshwa ko umuhari Red Tabara usanzwe ucumbitse mu buseruko bw’igihgu ca Kongo ariwo wemanze ko ariwo wakoze igitero cabaye i Bubanza.

Uwo muhari ukanabeshuza ibihuha biriko bwikirwagizwa biciye ku rubuga rwa Facebook ko uwo muhari ukoresha gusa utubuga rwa Twitter mu gutaga amakuru.

Abo banyamakuru bafashwe ba Iwacu ni Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana, and Adolphe Masabarakiza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments