UBM News ads

Ubwongereza buragabisha abanyagihugu babwo baza mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubwongereza buragabisha abanyagihugu babwo baza mu Burundi kubera impamvu z’umutekano muke hamwe n’ikiza c’ingwara ya Ebola iri mu gihugu ca Kongo.

Iyo ngabisho y’igihugu c’Ubwongereza ku banyagihugu baco baza mu Burundi nabayo yasohotse itariki 18 Gitugutu 2019.

Ibiro vy’Ubwongereza bijejwe abasohoka igihugu n’abinjira vyamenyesheje gutya:

  1. Kutaja mu ntara za Cibitoki na Bubanza
  2. Kutaja mu bice vya Bujumbura rural mu burengero bwa Rusizi utera uja mu gihugu ca Kongo ku mupaka.
  3. Kudafata ibarababara rya Bujubura Cibitoki rica ku kibuga c’indege ca Bujumbura
  4. Kudafata Ibarabara rikuru riva mu ntara ya Kayanza rigaca mw’ishamaba cimeza rya Kibira.
  5. Hamwe n’ishamba cimeze rya Ruvubu.

Abongerza kandi baba mu Burundi babujiwe kuja muri aya makartie yabereyemwo imyiyerekano mu  waka wa 2015. Nayo ni Kanyosha, Musaga, Mutakura, Kamenge, Cibitoke, Bwiza, Ngagara, Nyakabiga, Gatumba na Bujumbura rural.

Ubwongereza kandi buca bubandanya bumenyesha ko abanyagihugu babwo bokwirinda ingendo zidakebewe mu Burundi.

Abanyagihugu b’Ubweongereza bakiba mu Burundi bakaba basabwa gukura meza nimba mu vyukuri ata mvo nimwe bafise yo kuhaguma.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments