UBM News ads

CNC yashinze amategeko akaze ku bamenyeshamakuru ajanye n’amatora ya 2020

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ikigo kijejwe gucungera uko ibinyamakuru(CNC) bikora mu Burundi caraye gishize ahabona amategeko akaze ibimenyeshamakuru bizokorerako mu mwaka wa 2020 mu gihe c’amatora.

Ayo mategeko ya CNC akaba abuza abamenyeshamakuru kuvuga imbere y’igihe ivyavuye mu matora bitaratangazwa na CENI(resultats provisoires).

Iryo tegeko kandi rya CNC rirabuza kandi ko abanyamakuru bashira ahabona imyihwezo y’abanyagihugu ku bantu bashobora gutorwa mu matora(Opinion polls).

Ayo mategeko mashahsa abonwa na bamwe ko akavya na rirya umumenyeshamakuru wese atimiriwe gukora no gushikikriza inkuru y’ukuri yose.

Nestor Bankumukunzi atwara CNC akamenysha ako ayo mategeko araba abanyamakuru bo mu gihugu n’abo hanze y’igihugu.

Bankumukunzi kandi muri iyi misi ariko ashinga amategeko akaze ya CNC yavuze kandi ko abanyamakutru bemewe gusa gukora ku makuru y’ivyavuye mu matora ari abanyamakyru bafise amakarata y’abamenyeshamakuru kandi yatanzwe na CNC.

Ivyo navyo bamwe bakabano a ko ari akarenganyo mu gihe abamenyeshamakuru be batararonswa izo karata.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko kubuza ingendo abamnnyeshamakuru yo gutangaza imbere y’igihe ivyavuye mu matora ari uburyo bwo gutuma amatora atagenda mu muco no kudakumira.

Mwomenya ko CNC ari urwwego rwa leta rwo gucungera uko ibinyamakuru bikora mu Burundi.

Kuva mu mwaka wa 2015, ibinyamakuru vyigenga bimaze gukura meza, ubu urwo rwego rurakarira cane ibinyamakuru bihari(vyinshi bikaba vyegereye leta) muri kino gihe mu Burundi kugira vyisunge gusa ivyiyumviro vyemerwa n’Ubutegetsi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments