Mu kiganiro cashikirijwe ejo ku musi wa kane, umushikiranganji w’amagara y’Abantu yamenyeheje ko kuva mu mwaka wa 2025, Abarundi n’abarundikazi bemerewe kuvyara gusa abana batarenga batatu.
Ivyo vyamenyeshwje n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thadee Ndikumana, mu kiganiro yashikirije ku bijanye n’igwirirana ry’abantu mu Burundi.
Thadee Ndikumana kandi yamenyesheje ko intumbero y’ubushikirangaji na leta y’Uburundi ari uko mu mwaka wa 2030 ata mugera wa SIDA wosubira kuvugwa mu Burundi.

Ivyo kandi vyarashimitsweko n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza aho yamenyesheje ko ari vyiza kuvyara bake umuntu ashoboye kurera.
“Kuvyara abo dushobora kurera ntibisigura ko umuntu araba uburyo afise, atunze agaca avyara benshi. Urashobora kuba utunze uno musi ejo ugakena canke ugapfa abana bataragera kwitunga, bagasigara mu ngorane”, niko Denise Nkuruninziza yamenyesheje.
Mwomenya ko iyi nkuru ivuga ivyo kutarenza abana batatu mu mwaka wa 2025 yanditswe n’ikinyamakuru cegereye cane ubutegetsi yaciye ikurwa ku rubuga rwa Twitter irafutwa, kumbure kubera yateye impari nyinshi.
"Kuvyara abo dushobora kurera", ntibisigura ko umuntu araba uburyo afise, atunze agaca avyara benshi. Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu @1stLadyBurundi ati : "Urashobora kuba atunze uno musi ejo ugakena canke ugapfa abana bataragera kwitunga, bagasigara mu ngorane" #Burundi pic.twitter.com/vpE3SBKtuT
— Intumwa Burundi (@IntumwaNews) October 17, 2019





Recent Comments