Ivyo yabivugiye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakurukur’uyu wa kabiri inyuma yaho havugwa cane imishamirano hagati y’abanywanyi b’imigambwe. Pierre Nkurikiye akavuga ko abanyepolitike bo hejuru bahuye barahoberana bakavuga n’imvugo nziza barako baravuga amajambo ku misi mikuru ariko hageze inama zo murufuri bakavuga ibindi.

Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza, avuga ko umwe wese muriyo mishamirano aca ashoka aca imanza bivanye naho yegamiye, uwo muvugizi w’igipolici akavuga ko igipolici coco ataruko gikora coco gikora amatohoza ataho yegamiye naho bitemewe cane n’abasomyi bo ku mbuga ngurukana bumenyi basomye iyo nkuru.
Pierre Nkurikiye aributsa ko ikosa rihanwa ku gatwe ku muntu atawuhanigwa ikosa ry’uwundi. Ati kandi hageze aho abanyepolitike benshi barihakana abanywanyi babo kugira ntibahanwe nabo. Pierre Nkurikiye aributsa ko amatora azogenda neza yo mu 2020.





Recent Comments