Ivyo bikaba biboneka mw’ijambo ryiwe yashikikirije kur’uyu wa kabiri aho akwije imyaka ine asubiriye kugenwa ngo arongore Uburundi iyindi myaka itanu hari itariki 20 gitugutu 2019. Président Nkurunziza akamenyesha ko atawupfa abimaze nkuko umugani w’abasokuru ubivuga. Arashima kandi ko umutekano ukwiye m’Uburundi bwose bigatuma abantu n’ibintu bitembera mu gihugu.

‘’ Turashimishwa n’intambwe tugezeko mu gushira mu ngiro ivyo twiyemeje igihe twashikirizwa aya mabanga. Twari twashize imbere imigambi nyamukuru itatu: amahoro, umutekano n’ubutungane kuri bose; intwaro ibereye ishingiye kuri demokarasi hamwe n’iterambere rirama kandi ridakumira. Iyo migambi yose ni igikorwa co guhozako, ariko si ivy’imbeshere twarakoze birashimwa. Ibitarakorwa tugiye kuvyihwabira muri iyi misi isigaye imbere y’amatora, ibizoba bisigaye na vyo bizokorwa n’abazodukorera mu ngata, kanatsinda Abarundi barayamaze ngo “Ntawupfa abimaze”. ’’
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza, akavuga ko amahera akoreshwa na Leta ubu ava mu gihugu hagati ashika ibice 85 kw’ijana ati mu myaka itatu Uburundi buzoshobora gukwiza ibice 100 kw’ijana vy’amahera bukoresha mu migambi yabwo no guhemba abakozi no kugura ibikoresho. Ivyo bikazotsimbataza intahe yo kwikukira.
Président Nkurunziza ahamagarira abarundi bose kuja mu makoperative kugira bagire imigambi y’iterambere izohava ifatwa mu mugongo n’imigambi ya Leta. Président Nkurunziza aramenyesha ko amatora yo mu 2020 azoba mu mutekano ntangere, agasaba abanyepolitike gukoresha imvugo ihumuriza kandi ko kwiyamamaza bitaratangura.





Recent Comments