Ivyo bikaba vyavuzwe na Terence Manirambona, umuvugizi w’umugambwe CNL, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatatu. Uwo muvugizi aranebagura ingene ingoro z’umugambwe wabo zisamburwa ziturirwa zononwa kumugaragaro n’abanywanyi bagahohoterwa.

Ariko Terence Manirambona avuga kwashimishwa n’imvugo n’imvuga y’abanyepolitique ihumuriza ihamagarira abanywanyi b’imigambwe kubahana ariko k’urubuga hagakorwa ibihushane. Terence Manirambona avuga ko biteguriye gukorana n’intwaro kugira urwo ruhagarara ruhere n’amategeko atomorwe muvyerekeye kugurura ingoro z’imigambwe ngo kuko urusha rw’abajejwe intwaro umugambwe CNL iba irufise ariko bakaza kwankirwa kugurura ingoro kumunota wanyuma.
Umukuru w’ihuriro ry’imigambwe mu Burundi, Felicien Nduwuburundi, nawene aratangazwa n’ingene birigwa bakoze amanama yo gusaba kubahana hagati y’imigambwe ariko mu nyuma hagakorwa ibindi. Arasaba ko abanyamigambwe bacungera aurwaruko rwabo kugira ntihabe abacafuza ishusho ry’igihugu.





Recent Comments