UBM News ads

Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu avuga ko President Nkurunziza atazokwivuguruza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye z’Uburundi cabaye kur’uyu wagatanu, Jean Claude Karerwa, umuvugizi w’Umukuru w’igihugu amenyesha ko hamwe urwaruka rw’imbonerakure rwosaba imyiyerekano yo gusaba ko President Nkurunziza yoguma atwara Uburundi ko ari uburenganzira bwabo hamwe bobisaba abajejwe intwaro n’igipolisi.

Jean Claude Karerwa akavuga ko Uburundi ari igihugu kigengwa n’amategeko ko umuntu wese ashobora kugira imyiyerekano abisavye ati ariko imigumuko ntiyemewe.

Ku kibazo cuko President Nkurnziza yo kwemera agasubira kwitoza, Jean Claude Karerwa avuga ko ingingo yo kudasubira kwitoza y’Umukuru w’igihugu ikiri yayindi atarahinduka. Jean Claude Karegwa akavuga ko ingingo President Nkurunziza yafashe yo kudasubira kwitoza atayifashe wenyene yabanje guhanuza Imana ati kandi iyo Imana iguhishuriye kenshi utisubirako.

Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu avuga ko mu mwaka w’i 2020 mu kwezi k’umunani hazoba hariko haraba ibirori vy’agakura vyo kwimika uwundi mukuru w’igihugu mushasha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments