UBM News ads

Imitahe mpuzamakungu irashora gusohoka kubagirizwa guhonyanga agateka kazina muntu m’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro Fadi El Abdallah, umuvugizi wa CPI, yashikirije yamenyesheje ko sentare mpuzamakungu mpanavyaha yasavye leta y’Uburundi gutanga nayo ibirego kuboba barakoze ivyaha vyo guhohotera abenegihugu mubo batavuga rumwe mu myiyerekano yabaye mu mwaka wa 2015.

Fadi El Abdallah avuga ko amatohoza ageze kure baravye amadosiye amaze kwegeranywa akavuga ko barindiriye abo nabo Leta yagiriza kuba nabo barahonyanze agateka ka zina muntu mu mwaka wa 2015. Umuvugizi w’iyo Sentare mpuzamakungu mpanavyaha akavuga ko imitahe ishobora gusohoka umwanya n’umwanya.

Mwomenya ko Uburundi bwavuye mur’iyo sentare buyagiriza guhengamira kubo batavuga rumwe, muri kino gihe naho iyo sentare ikaba yagirizwa gushaka guhungabanya amatora yo mu 2020. Ariko iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha ntiyahagaritse amatohoza k’uburundi ivuga ko ivyaha vyabaye Uburundi bukiri mur’iyo sentare.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments