Impunzi 70 000 z’Abarundi ziramaze gutaha

0

Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Tharcisse Niyongabo, ku musi mpuzamakungu wahariwe impunzi uhimbazwa itariki 20 ruheshi. Tharcisse Niyongabo akamenyesha ko impunzi z’abarundi ziri mu bindi bihugu zoroherezwa gutaha ariko iziri mu Rwanda bitaborohera gutaha.

Uwuserukira ishihamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR mu Burundi yamenyesheje ko Uburundi bumaze kwakira impunzi zishika 90 000 nyinshi akaba ari impunzi ziva mu gihugu ca Congo iharanira Demokarasi. Akavuga ko iyo impunzi zakiriwe haba hakenewe uburyo bwinshi bwihuta. Murico gihe amashirahamwe menshi nka ONU n’abandi barafasha ariko uko imisi ihera niko uburyo bugabanuka.

Uwuserukira HCR mu Burundi akavuga ko bafasha abashaka gutaha gusubira iwabo mu gihe bavuze ko bavyipfuza.  Aho ni mugihe havugwa umutekano muke mu nkambi z’impunzi z’abarundi muri Tanzania na Congo. Ishirahamwe HCR rikaba ryahosemwo guha amahera yo gusuma impunzi z’abarundi ziri muri Congo, ivyo biakaba vyabashimishije kuko ngo bashobora gufungura ico bifuza atari intete ifu n’ibiharage.