Ejo ku musi wa kane itariki 2 Rusama 2019, Ibanki Nkuru y’Uburundi yasohoye inoti zishasha za 500, 1000, 2000, 5000 n’iza 10000.
“Ni kugira ngo habe ukuryohora inoti zahahora, ukuramba kwazo hamwe no kuzibungabunga“, niko Jean Ciza yamenyesheje.
Jean Ciza, arongoye ibanki nkuru BRB akaba yabimenyesheje ejo. Jean Ciza akaba kandi yamenyesheje ko abafise inoti za kera bahawe amezi atatu gusa babe bashikanye izo noti za kera mu mabanki, baba bafiseyo ikonti canke batayifiseyo.

Jean Ciza akamenyesha ko ikiringo c’amezi atatu cahawe abafise inoti za kera giheze bazoca bazitwara muri BRB kandi bakazokatwa ibice 5 kw’ijana vyayo bazoba batwaye.
Jean Ciza akaba yamenyeshejeje ko izo noti zishasha zije kugira hagwanywe barya bagerageza kwigana izindi noti maze bagakwiragiza amahera atabaho.
Izo noti zishasha zikaba zije zifise amahinduka manaka kugira zishobore kuba zitandukanye nizahahora, ariko na cane cane zifise ivyo zisangije kugira ntiziganwe , nk’uko Jean Ciza yabimenyesheje.





Recent Comments