UBM News ads

Umukuru w’urunani rw’amasendika ariyamiriza ihohoterwa ry’abaserukira abakozi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mwijambo ryiwe ku musi mukuru w’abakozi, umukuru w’ihuriro ry’amasendika COSYBU, Tharcisse Gahungu, yariyamirije abakoresha badashaka kubona mumashirahamwe yabo havutse amasendika aserukira inyungu z’abakozi. Tharcisse Gahungu ntiyariye umunwa aranatanga uturorero twayo mashirahamwe akavuga ko uwubahutse agashinga sendika iserukira abakozi aca yirukanwa ubutarariye.

Ahandi naho umukuru w’ihuriro ry’amasendika COSYBU avuga ko abakoresha bivanga mw’ishingwa ry’amasendika kugira bishirireho uwo bashaka akora ivyo bashaka canke akaba ari umwe mubakoresha aserukira abakozi. Tharcisse Gahungu akavuga ko imigere ibiri idatereka abo bakoresha botora kimwe murico kuba umukozi canke umukoresha.

Tharcisse Gahungu ivyo yabivugiye mu ntara ya Rumonge kur’uyu wa gatatu igihe hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe abakozi. Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, akaba yawuhimbarije mu ntara ya Rumonge. Tharcisse Gahungu yamenyesheje ko imyaka ine iheze uturusho duhabwa abakozi ba leta duhagaritswe ko none hageze ko abakozi basubira kudugirizwa imishahara.

Umukuru w’igihugu mw’ijambo ryiwe ryo kwifuriza umisi mukuru mwiza abakozi yamenyesheje ko iyo myaka niyahera amategeko y’uburusho azoca asubira gukurikizwa uko vyahora kandi uwuzokwirukana umukozi amuhoye ubusa yitwaye agatsinda uwamwirukanye ariwe azoca ariha indishi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments