Umukuru w’igihugu c’Ubrundi, Pierre Nkurunziza, yahaye agashimwe umukobwa wiwe ku musi wahariwe abakozi wahimbajwe itariki 1 Rusama 2019 kandi kuĀ mwaka ku mwaka.
Radio Nkuru y’igihugu, RTNB, ikaba ariyo yashize ahabona iyo nkuru ko ‘umukuru w’igihugu yahaye agashimwe k’amahera umukobwa wiwe w’imyaka 12, Naomie Nkurunziza.
#Burundi #LabourDay2019: Le Chef de l'Etat @pnkurunziza offre une enveloppe à sa fille Nkurunziza Naomie qui s'est bien comporté au foyer, elle est laborieuse et aime la culture burundaise et le sport dixit @pnkurunziza pic.twitter.com/pCHwtbpVNx
— RTNB (@RTNBurundi) May 1, 2019
Ubushimwwe bwatanzwe ku bakozi muri leta bukaba bwaje gishimira abakozi bakoze neza bitangira igihugu c’Uburundi. Nkurunziza akaba yari mu ntara ya Rumonge ku wa 1 Rusma 2019.
Nkurunziza yamenyesheje ati: “Naomie Nkurunziza ni arakora cane kandi arakunda akaranga k’Uburundi na Sport“.
Vyama vyashitse aho umukuru w’igihugu c’Uburundi aha ubushimwe abo mu muryango wiwe, nk’umutambukanyi wiwe, Denise Nkurunziza, umuhungu wiwe hamwe n’umukozi wo mu rugo ku mukuru w’igihugu.
https://twitter.com/pnininahazwe/status/1123930076817645568
Ariko bamwe mu batavuga rumwe na leta ntibabona kumwe ico gikorwa ca Nkurunziza co guha ubushimwe abo mu muryango wiwe.





Recent Comments