UBM News ads

Za yegereyegere z’abakozi zaragabanutse, ijambo ry’Umukuru w’igihugu k’umusi mukuru w’abakozi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyatumwe n’ishingwa ry’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro mu kazi uhurikiyemwo abaserukira abakozi n’abakoresha. Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza akavuga ko ivyo vyatumye umwimbu wiyongera. Président Nkurunziza arashimira kandiabashinze amashirahamwe ahingura ivyimburwa hamwe n’amashirahamwe ahingura ubutare.

Urwaruka narwo rwagiye hamwe rurashinga amshirahamwe yo gukorera hamwe bagatanga n’akazi rwashimiwe. Umukuru w’igihugu yashimiye kandi abubatse inyubakwa z’itandukanye nk’amahoteri, ibitaro mu ntumbero yo gutanga akazi.  Muriryo jambo, Président Nkurunziza yaneguye abakozi bareta bakora ibihushanye n’akazi bashinzwe aho ni mu bisata nka vyose vy’ubuzima bw’igihugu.

Président Nkurunziza ntiyibagiye kwibutsa ko ikibazo c’ubushomeri kiraje ishinga leta arongoye. Akavuga ko utwigoro twinshi two gutanga akazi twakozwe nko m’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu ubutare n’agataka, ubw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, ubw’ibikorwa vya leta, mu mashirahamwe yemeregwa gukora n’ikigo API kijejwe kworohereza abanyamitahe gukora mu Burundi.

Mwomenya ko abatagira akazi mubakuze no mu rwaruka birenga ibice 60 kw’ijana nkuko ibiharuro vy’ikigo ISTEEBU bivyerekana, za kaminuza nazo ziguma zisohora hamwe n’amashure yigisha imyuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments