UBM News ads

Uburundi bwasubije abagwanyi 7 igihugu c’Urwanda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyavuzwe kur’uyu wa kabiri na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano,  imbere y’abamenyeshamakuru no k’umbuga ngurukana bumenyi y’ubushikiranganji bw’umutekano. Abo bantu avuga ko ari abagwanyi bagwanya igihugu c’Urwanda basubijwe ico gihugu kur’uyu wambere kumugoroba. Abo bagwanyi indwi bakaba bahagaritswe itariki 8 ndamukiza bavuye mw’ishamba Nyungwe.

Inkoho zitanu zo mu bwoko bwa kalachnikov n’iradiyo yoguhana amakuru bita motorola bikaba navyo nyene vyarasubujwe igihugu c’Urwanda. Ico gikorwa kikaba cakozwe imbere y’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu nka CIRGL n’abasurikira ingabo za ONU muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo bita MONUSCO.

Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano agasaba igihugu c’Urwanda naco nyene gukora nkuko bakabarungikira abagwanyi batera Uburundi hamwe n’abashatse guhirika ubutegesti i Bujumbura mu mwaka wa 2015. Pierre Nkurikiye akavuga kw’ico gikorwa cakozwe kugira hakurikizwe amasezerano mpuzamakungu ashira imbere umubano mwiza hagati y’ibihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments