Mu gihe leta yamaze gufata ingingo ko abakozi bo mu bushikiranganji bunaka bategerezwa kwimukira mu ntara ya Gitega (ubu ari umurwa mukuru wa politike w’Ubrundi), nubu hari abakozi bakizazaniwe nuko bagiye kubigenza.
Vyitezwe ko abakozi bo mu Bushikiranganji bune batangura imirimo yabo kuri uyu musi mukuru w’abakozi wa 1 Rusama 2019 maze bakimukira i Gitega bavuye mu gisagara ca Bujumbura.

Bamwe bamwe mu bakozi bategerezwa kuja gukorera i Gitega baribaza uko abo bakozi bagiye gukorera i Gitega bazotunga imiryango ibiri, umwe i Bujumbura uwundi i gitega.
Umukozi umwe yavuze ati: “Bivanye n’imishahata yacu y’intica ntikize, bizogenda gute kugira ngo dushobore gutunga imiryango ibiri…?”.
Abandi bakoresha barafise amakenga ku ndero yabana babo. Bamwe mu bakozi bakabona ko abana babo batazosubira gukora neza mwishure kubera bari kure y’abavyeyei bahora babafasha mu vyigwa vyabo.
Ubushikiranganji bune butegerezwa gutangura imirimo yabo muri iyi Rusama ni ubushikiranganji bw’indero, ubushikirangaji bw’agateka ka zina muntu, ubushikiranganji bujejwe kwegereza intwaro abanyagihugu( Ministere de la décentralisation et de la réforme institutionnelle), hamwe n’ubushikiranganji bw’ibidukikije.





Recent Comments