Ivyo bikaba vyatangajwe n’iperereza ry’Urwanda, Rwanda Investigation Bureau kuri uyu musi wa kabiri, bikavuga n’
ikinyamakuru co mu Rwanda.
Callixte Sankara akaba yaheruka kumeyesha ko yigaruriye uturere tumwe two mw’ishamba rya Nyungwe rihana urubibe n’Uburundi.
Hari
amakuru yaheruka kumenyesha ko Callixte Sankara yafatiwe mu mazinga ya Comoros afashwe n’inzego z’iperereza z’Urwanda.
Ariko, gushika ubu hakaba hari haheze amayinga abiri leta y’Urwanda ataco iravuga kuri iryo fatwa rya Callixte Sankara.
Paul Kagame akaba yaheruka kumenyesha ko agiye guhagurukira uwo wese ateza umutekano muke mw’ishamba rya Nyungwe mu gihugu c’Urwanda, haciye imisi mike Sankara yaciye afatwa.
Recent Comments