UBM News ads

‘Mu Burundi haracariho agahahazo kataboneka’, niko HRW ivuga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umurwi ujejwe ibijanye n’agateka ka zina muntu, Human Rights Watch waraye umenyesheje ko mu Burundi hacibonekeza agahahazo ‘gakorwa mu mu mwijima, ntikabonwe n’abandi’.

Human Rights Watch igaca igaruka ku karenganyo gakorerwa abanywanyi b’umugambwe wa Rwasa Agathon, CNL, bahohoterwa hama bikaba akamizwe n’ingoma.

Human Rights Watch ikamenyeshsa ko mu vyegeranyo ihabwa n’abanyagihugu, ko abanyagihugu ‘babayeho mu bwoba budasanzwe batinya umugambwe uri ku butegetsi hamwe n’imbonerakure za CNDD-FDD’.

Human Rights Watch ikaba imenyesha ko ihohoterwa ryabatavuga rumwe na leta rishobora gushikana ku zindi ntureka imbere y’amatora ya 2020.

Huaman Rights Watch igaca isaba ko ishirahamwe ry’ubumwe bwa Africa ko ryokwifatira ibintu mu minwe kugira ngo ritorere inyishu ikibazo c’Uburundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments