Ivyo biva ku mutekano muke uvugwa ku mipaka Urwanda ruhana n’ibihugu bituranyi haraciye umwaka. Aho twovuga nko k’umipaka Urwanda ruhana n’Ubuganda, na Republika Iharanira Demokrasi ya Congo hamwe no kumupaka w’Uburundi.

Urwanda rukaba rwagiriza Ubuganda gufasha no gushigikira ababugwanya barongowe na Général Kayumba Nyamwasa ingabo yarikomeye muri FPR yacanyemwo na President Paul Kagame. Abadandanza benshi bakaba barahagaritswe k’umupaka Urwanda ruhana n’igihugu c’Ubuganda bamwe bagirizwa gusuma urusaku abandi bakagirirwa nabi bashitse mu gihugu c’Ubuganda.
President Museveni akagiriza mugenziwe President Paul Kagame kubuza uruja n’uruza rw’ibidandazwa, hakavugwa kandi ko hari abasoda bakuru bakuru bahagaritswe mu Buganda bagirizwa gukorana n’Urwanda.
K’umupaka Urwanda ruhana na Republika iharanira Demokrasi ya Congo n’Uburundi nahone ntivyoroshe kuko havugwa abagwanyi ba General Kayumba Nyamwasa n’aba FDLR bavugwa kwarabahoze ari Interahamwe bagaba ibitero k’Urwanda baciye mumashamba ya Bijombo, Nyungwe na Kibira.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wo muru RDC, Crispin Atama, akaba yarandikiye uwuserukira ONU muri RDC, Leila Zerrougui, ko yamuha ingabo za ONU zimufashe kurwanya iyo mirwi yose yohava yatsa umuriro mu karere k’ibiyaga binini.





Recent Comments