UBM News ads

Abarundi baribuka igandagurwa ry’Umwami Ntare wa gatanu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kur’uyu wambere niho hazoba imisi yo kwibuka igandagurwa ry’Umwami wanyuma w’Uburundi, Karori Ndizeye, yagandaguwe igenekerezo rya 29 ndamukiza 1972 mw’ikambi rya gisirikare ry’i Gitega. Imisa ikazoba isaha 11 zo kumugoroba muri Cathedrale Regina Mundi i Bujumbura n’i Gitega hakazoba iyo misa yo kumusabira ku Mana. Umuryango wiwe w’abaganwa akaba ariwo wasavye iyo misa.

Ikigabiro c’Umwami Karori Ndizeye yateye igihe yimikwa

Inyuma yiryo gandagurwa ryiwe haciye hakurikira ubwicanyi bukomeye bwakorewe abarundi atamatohoza abanje kuba. Ubantu bababa ibihumbi birenga 300 bakaba barishwe benshi bakaba batatoye aho bahamvye ababo. Umuriyoni nawo w’abarundi urahunga igihugu.

Umuryango wa Ntare 5 ukaba waragerageje kurondera aho bahamvye Umwami Ntare 5 ariko gushika ubu ntiharatorwa. Abahinga babanyamahanga karuhariwe mukurondera amagufa bakaba bararondeye i Gitega aho bibaza ko bamutaye barabuze.

Umuganwa Ildephonse Niyongere yahora atwara ishirahamwe Ishaka rihurikiyemwo imiryango y’abaganwa akaba yamenyesheje ko nubu hari uwababwiye ko azi aho bamuhamvye ariko basanze atarivyo.

Umuryango w’abaganwa ugasaba ko itariki ya 29 ndamukiza ryokwibukwa mu Burundi bwose nkuko babigirira abarongoye Uburundi bagandaguwe kandi ko abakoze ubwo bwicanyi bofatwa bagashengezwa.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments