Ivyo bikaba vyashitse kur’uyu wa kane mu gihugu ca Swaziland aho yaramaze imisi akinira mu murwi Malanti Chiefs. Akaba yaguye ubutakivyuka mukibuga ari mu murwi wiwe muri Swaziland. Iyo nkuru ikaba yarababaje abakunzi b’umupira w’amaguru aho yagiye arakinira.

Akaba yarakinye mu murwi Inter Star agifise imyaka 17 niho bamugomwa bakamushira mu murwi serukira gihugu Intamba mu rugamba wabakiri bato. Aho naho akaba yarabiciye biracika mu nkino za CECAFA aho yaciye agenwa ko ariwe mukinyi yigenjeje neza kurusha abandi mu Burundi. Akaba yaritanze bimwe biboneka kugira umurwi nserukira gihugu w’Uburundi ushike mw’ihiganwa ryanyuma rya CAN.
Mu nyuma yaciye agenda gukinira umurwi APR wo mu Rwanda avuye mu gihugu ca Turquie na Hollande, aho yatanguye kugira ingorane z’amagara, yarakiniye n’umurwi wo muri Afrika yepfo witwa Real King mu gisagara ca Durban aho bamusavye guhagarika urukino rw’umupira w’amaguru kuko umutima wiwe utabimukundira. Akaba yaramaze kwikubita hasi agatubwenge incuro zibiri zose. Ariko yarakunda umupira cane kuburyo atashobora kwiyumvira kwashobora guhagarika gukina umupira.





Recent Comments