UBM News ads

Amuntu umwe yarapfuye muri komine Gihanga mw’ijoro ryo kur’uyu wambere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Wo yitavye Imana akaba azwi kw’izina rya Manirampa Martin batazira Gangi akaba yaramaze imisi avuye mw’ibohero rya Mpimba, akaba yari mubagiriwe ikigongwe n’Umukuru w’igihugu. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre Nkurikiye, akamenyesha ko uwo yishwe yari umusuma, ico gihe yarikumwe n’abandi basuma bariko bariba niho bahura n’abapoilisi bariko barakizura baca bariruka birukira kw’ishure ryo muri komine Gihanga.

Pierre Nkurikiye akavuga ko abobasuma baciye batera grenade abo bapolisi nabo baca bararasa. Umupolisi umwe akaba yarakomereste, uwo Manirampa Martin nawe ahitanwa n’urusasu.

Ariko ayandi makuru avuga ko cari igitero c’abagwanyi bataramenyekana bateye ku birindiro bibiri vy’abapolisi muri komine Guhanga. Ayo makuru akavuga kw’ico gitero camaze iminota mirongo itatu, abapolisi batatu bakaba aribo bakomeretse n’uyo Martin Manirampa batazira Gangi yahasize ubuzima. Ayo makuru akavuga ko yahoze ari umunywanyi w’umugambwe MSD. Ayo makuru akavuga kuyo Gangi atari mubagwanyi. Hakaba hazindutse isakwa ry’ibigwanisho mur’iyo komine ya Gihanga kur’uyu wa kabiri gushika isaha zine zomugatondo ariko ntabigwanisho vyatowe nkuko ayo makuru abandanya abivuga.

Amasasu menshi akaba kandi yarumvikanye kur’uyu w’Imana ku musi mukuru wa Pasika mw’ishamba rya Rukoko hegereye komine Gihanga nkuko ayo makuru abandanya abivuga.

Ukuri n’ukwahe, umwe wese akaba avuga uko amvyumva mugihe c’ibitero.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments