Kuva mu 2011 abatanze imivyaro y’ivyamwa mu gihugu cose cane cane cane imivyaro y’ivyamwa vy’amavoka ntibari bwaronswe amahera yabo. Bakaba barituye umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana. Leta ikaba yari yafashe umugambi wogukwiragiza ivyamwa ku mitumba yose igize Uburundi.

Umuhuza w’Abarundi, Edouard Nduwimana, akaba yavugiye imbere y’abashingamateka kur’uyu wa gatatu ko ico kibazo gisa nicatorewe inyushu kuko ubushikiranganji bw’ubutunzi bwashize umukono k’urupapuro rwemeza ko bugiye gusohora amafaranga angana n’umuriyiridi 1 757 725 280. Ayo mahera nayo akazorihwa mu kwezi kw’umunani.
Edouard Nduwimana akavuga ko ico kibazo gisa nikirangiye ko abo batanze imivyaro y’ivyamwa ataco bazosubira kwishuza Leta y’Uburundi.





Recent Comments