UBM News ads

Abanywanyi barenga 140 ba CNL barahagaritswe kuva mu ntango za Ntwarante.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uruhigi ku banywanyi b’umuganbwe wa Rwasa Agathon, CNL, rurabandanya. Ku matohoza yakozwe na RFI, bigaragara ko abanywanyi ba CNL barenga 140 bamaze guhagarikwa bagafungwa kuva mu ntango z’ukwezi kwa Ntwarante 2019.

Inzwego za leta ntiziragira ico zishikiriza kuri ukwo guhagarikwa no guhohoterwa ku banywanyi ba CNL. Ibinyamakuru mvamakungu birageregeza kubaza abo mu gipolisi ariko nta nyishu.

Aime Magera, avugira CNL ari i Buraya, yabwiye RFI ati: “ Hariho bamwe mu banywanyi bacu dutora bapfuye…hama ku bijanye n’aho n’icitwazo c’uko hakorwa inama zo mw’ijoro, n’icitwazo kugira inzego ziherengeteze abanywanyi ba CNL”.

Umumenyeshamakuru wa RFI, Sonia Rolley amenyesha kuri Twitter yiwe ko abanywanyi batatu bo muri CNL bahitanywe n’ibikomere maze barapfa bivuye kugusinzikarizwa ubuzima cane.

None leta yoba iriko ikora iki kuri ayo makuru aca ivutu nkayo? Bamwe bamwe baribaza ico kibazo nimba leta yaremeye ko CNL ikorera ku mugaragaro yoreka n’abanywanyi bayo bagakora bisanzuye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments