Hari ku musi w’Imana, umusi mukuru wa Pasika, aho uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi yahura nisanganya aho yari mu gihugu ca Mauritanie. Nkuko bivugwa n’ikimenyeshamakuru Sahara Medias, Petero Buyoya, ubu aserukira Ubumwe bwa Buraya mubihugu biri mu karere ka Sahel, yagiriye isanganya kw’ibarabara Nouakchott-Akjout.

Petero Buyoya akaba yaciye anyarukanwa kwa muganga ahitwa Centre hospitalier d’Akjoujt. Umuvuduko w’imiduga barimwo akaba ariyo ntandaro yo gutembagara y’umuduga yarimwo. Abari muriyo miduga bakaba bakomeretse bisanzwe nkuko abaganga babivuga.
Petero Buyoya akaba yarongoye Uburundi incuro zibiri kuva 1987 gushika mu 1993 no kuva 1996 gushika mu 2003. Leta y’Uburundi ya kino gihe ikaba yarasohoye umutahe wo kumuhagarika kuko hari abamwagiriza urupfu rwa président Melchior Ndadaye yari yamusubiriye mu mwaka w’i 1993 n’ingwano yakurikiye yamaze imyaka hafi 15.
Petero Buyoya akaba amaze igihe kitari gito atarasubira kugaruka mu gihugu c’Uburundi kandi ibwirizwashingiro rishasha ryo mu 2018 rikaba ryamukuyeko ubukenguzamateka co kimwe no kubahoze barongoye Uburundi. Muri kino gihe abasirikare bakuru bakuru bane bakaba barahagaritswe kuvaho idosiye y’urupfu rwa président Melchior Ndadaye isubiriye kwugurugwa n’umushikirizamanza mukuru wa Républika, Nyandwi Sylvestre.





Recent Comments