UBM News ads

Agathon Rwasa asaba ko asaba ko uwutwara igipolisi i Muyinga yohagarikwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’ikoraniro rigira kabiri umukuru w’umugambwe CNL, Agathon Rwasa yakoresheje kur’uyu wa gatandatu, yamenyesheje ko aneguye amajambo yavuzwe na Jerome Ntibibogora, komiseri atwara igipolisi mu ntara ya Muyinga. Uyo nawe akaba yavugiye mu nama yarimwo abatwara i Ntara ya Muyinga ko azotera utuntu agendana mu nzu y’umunywanyi wese wa CNL asanze bari mu nama kandi ko atazoraba ko hariyo abana n’abakenyezi.

Agathon Rwasa yibutsa mw’ijambo ryiwe uwo mu polisi ko yo sokora ivyo yavuze ataraho ko yohagarikwa, ati kuko ibikoresho yahawe n’igihugu atarivyo kwica arivyo gucungera umutekano w’abantu. Agathon Rwasa avuga kandi ko abanywanyi biwe baburabuzwa mu vyerekeye gutanga intererano y’umugambwe.

Agathon Rwasa yaciye ashira ahabona abarongoye umugambwe CNL ku gwego gw’igihugu akavuga ko agiye kwerekana abazorongora abandi mu ntara mu makomine no ku mitumba.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments