UBM News ads

Ibiganiro vy’amaradiyo BBC na VOA vyahagaritswe burundu mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho ikigo CNC kijejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora mu Burundi gihagarikiye ibiganiro BBC na VOA amazi atandatu  ivyo bimenyeshamakuru bitavugira kumirongo vyahora vyumvikanako mu Burundi, Nestor Bankumukunzi, arongoye ikigo CNC muri kino gihe, yasohoye itangazo kur’uyu wa gatanu ko ibiganiro vy’’ivyo bimenyeshamakuru bihagaritswe kandi ntakiringo yasubiye gutanga.

Nestor Bankumukunzi yagiriyeko amenyesha ko bibujijwe ko hagira uwukorana n’abamenyeshamakuru bizo radiyo zirizisanzwe zikorera mu bwongereza no muri Leta zunze Ubumwe bwa Amerika. Iyo ngingo Umukuru w’ikigo CNC, Nestor Bankumukunzi, yamenyesheje ko yavuye mu matora yagizwe n’abagize urwego CNC.

Mu guhagarikwa iradiyo BBC yari yagirijwe gukora amakuru ahengamye munyuma yagirijwe ko yasohoye ireresi yerekana ahantu hicigwa abantu n’iperereza ry’Uburundi muri zone Kinindo. Iradiyo BBC ikaba kandi yarashize kurubuga rwayo rwa Tweeter ibicopo vyaho abantu bo mu mihingo itandukanye yo kw’isi bariko baracapa kw’isanamu y’umukuru w’igihugu, ivyo bikaba vyari vyatumye abanyeshure batatu bashikanwa mw’ibohero mu Kirundo n’i Ngozi. Ariko ivyo bikaba bitashizwe mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa gatanu n’umukuru w’ikigo CNC, Nestor Bankumukunzi.

Iradiyo y’abanyamerika nayo VOA ikaba yagirizwa kuba ikoresha umumenyashamakuru Patrick Nduwimana yahoze arongoye iradiyo Bonesha FM yagirizwa na Leta y’Uburundi kuba yaragize uruhara mw’itembagazwa ry’ubutegetsi bw’i Bujumbura mu mwaka w’i 2015. Ikigo CNC kigasaba iyo radiyo guhagarika uwo mumenyeshamakuru no kumushikiriza ubutegetsi bw’i Bujumbura. Ivyo iradiyo VOA itaratangako iciyumviro cayo nkuko bivugwa n’ikigo CNC.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments