Impunzi z’Abarundi ziri mu Buganda zabwiwe gukura meza.

3

Impunzi z’Abarundi ziri mu gihugu c’Ubuganda hamwe n’izabanyarwanda zabwiwe gukura meza maze zigasubira Mu bihugu vyabo.

Ivyo vyashikirijwe ejo n’umushikirangangi ajejwe impunzi mu Buganda, Hilary Onek.

Hilary Onek yamenyesheje ko vyoba vyiza impuzi ziva muri Sudani y’epfo, Uburundi n’Urwanda zotaha mu bihugu vyabo kubera ko umutekano mu bihugu vyabo watsimbataye.

Impunzi ziva mu bihugu ubu bitekanye zikwiye gusubira mu bihigu vyabo. Bamwe muri izo mpunzi baratahuka hama bakagaruka…nibaje kwubaka ibihugu vyabo na cane cane mu bijanye n’ubutunzi”, niko Hilary Onek yamenyesheje.

Uganda kikaba car igihigu gishimagizwa n’amakungu kuntu gifata impunzi mw’isi, ariko bikagaragaga ko kigiye guhagurukira impunzi zahora zifashwe neza mu guhabwa n’amatongo yo kurima, zikongera zikiga mu banyagihugu baho mu Buganda.

3 COMMENTS

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here